africa newshomepagekirundi

Uwafashe umwana ku nguvu azokatwa udusaho tw’intanga-ngabo

Intara imwe muri Nigeria igiye gutangura guhana bimwe vy’akarorero agabago bahamwe n’icaha co gufata ku nguvu abagore.

Buramatari Nasir Ahmad El-Rufai wa Leta ya Kduna, iri mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu ca Nigeria,niwe aheruka gushira umukono kuri iryo tegeko ribaye irya mbere muri ico gihugu.

Nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza ngo uwafashe umwana arenza imyaka 14, aungwa ubuzma bwiwe bwose kandi agakatwa udusaho tw’intanga.

Nayo abagore bo bazofatwa bahamwe n’ico caha,ngo bazokwicwa kandi banakatwe udusaho dutwara intanga ngore.

Nayo abazoba baashwe badashikana Imyaka 14,ngo bizoba ngombwa ko herekanwa impapuro zo kwa muganga zivyemeza ko bafashwe ku nguvu.

Uretse ivyo bihano, abo bazoba bfashwe abana ku nguvu ngo bazoheza banashirwe mu bitabo vyabigenewe,mbere banavugwe mu binyamakuru.

Iryo tegeko ryashizweko umukono kuri uyu wa gatatu, iinteguro yaryo ikaba yari yemejwe n’abashingamateka bo muri iyo ntara mu ndwi iheze.

Aha mukamenya ko nko muri Amerika ho uwagirijwe ico caha ata hantu na hamwe asubira kwakirwa ngo ahabwe akazi, canke agire ico aashwa na Leta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755