homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Impamvu yatumye Guardiola atsinda Chelsea Bikomeye

Umumenyereza w’Umugwi Manchester City Pep Guardiola yavuze impamvu yoba yatumye anyagira bikomeye umugwi Chelsea.

Hari kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 10 Nzero umwaka wa 2019 niho umugwi Manchester City wari waramutse wakiriye Chelsea, urukino rurangira Manchester City utsinze 6 Ku 0.

Inyuma y’urwo rukino Pep Guardiola yatanze impamvu yoba yatumye atsinda bikomeye Chelsea.

Iyo nayo si iyindi n’uko umumenyereza wa Chelsea Maurizio Sari mu rukino rwo gutangura yamutsinze ndetse n’igihe yari akimenyereza Napoli yigeze kumutsinda .

Guardiola akaba yongeye anavuga ko atakigongwe yari kugirira Chelsea kuko yari amaze kumenya ivyo ishaka kumukorera.

Manchester City ikaba iri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo mu bwongereza n’amanota 65 co kimwe na Liverpool ariko bobo bakarusha Liverpool urukino rumwe hamwe n’ibitsindo vyinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871