BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Michou na Dj Theo bemeza ko ama WebTv ya hano iwacu yiganana

Michou Miracle ngo naho abandi benshi iyo bipfuza gutanguza ibinyamakuru babanza kwiyumvira Youtube ngo we siko abona Tv azoshinga.

Mu Kiganiro yagiranye na Indundi Tv, Michou yavuze ko aho yakoreye hose ngo ico yahaneguye n’ibura ry’ibintu bishasha, ngo yama asanga ibintu ari vya bindi nyene. Ari naco ashaka guhindura muri Siren Vibe Tv yasubiye gukorera.

Michou abona uretse abo bakoranye, ngo n’ahandi hose nuko, ibinyamakuru ndundi bikoze inkuru biyikora kumwe kandi bose. Aho akaba yariko avuga mu gisata c’ukw’idagadura “Entertainment”

Ivyo michou ashikirije bikaba vyaciye bijana n’ivyo mugenzi wacu “Dj Theo” akorera imboneshakure BTN Rwanda yaheruka gushikiriza kuri Micro za Indundi Tv nyene, aho yavuze ko abamenyeshamakuru b’ubu babuze intumbero gusa nah’ayahandi gukora bakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775