BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

DJ Paulin asabwa na Wanda Boy kumujana mu butungane hatararengerana

Ngo nka hamwe Dj Paulin atojana Wanda imbere y’ubutungane hakiri kare, kubera iyo ndirimbo ya Sat-b ngo nta nkeka isohotse hazoba harengeranye.

Wanda Boy atanga ubutumwa abuha DJ Paulin amusaba ko yoraba akamujana imbere y’ubutungane canke ahandi hantu hose yoba ashaka hakiri kare, kuko ngo akarindira ko azosohora iyo ndirimbo ngo bizoba vyamaze guhera.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe Dj Paulin avuga ko nka hamwe indirimbo ya Sat-b na Meddy yosohoka irimwo uwundi muntu, canke igasohoka gusa atabanje kugishwa inama ngo azoheza akitura ubutungane. Akavuga ko azokwitwarira umu Producer yahaye akazi, uwo nawe akaba ari Yogo Beat.

Mu kiyago yagiranye na Bujumbura Tv, Wanda boy avuga ko izo manza zose aziteguriye neza, aho akavuga ko afise ivyemezo vyose vy’ivyp we ashikiriza. Akanibaza igituma imisi yose yari iheze DJ Paulin atari bwibonekeze, ariko akaza kwumvikana muri ino misi.

Ku kibazo c’uburyo Dj Paulin abonekeye ubu mu gihe ico kibazo kimaze igihe, Dj Paulin tukaba twaramurondeye ariko akaba ataco aratwishura, tukaba tukirindiriye.

Mwomenya ko Wanda boy avuga indirmbo ya Sat-b na Meddy igiye gusohoka irimwo amajwi ya Meddy hamwe n’ay’uwundi muririmvyi mushasha muri iyo Label yiwe, Trust no Body, uwo nawe s’uyundi ni Nelson B.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775