BurundiDiasporadiaspora youthEast Africa NewsEntertainmentfashion&stylehomepagekirundi

Davy Carmel Ingabire atera 6 kandi abarundi bavuze ko imigere 2 idatereka 

Ageze mu Rwanda ngo niho yagiye gutanguza umugambi yaramaranye igihe kitari gito ategura. Uwo mugambi nawe n’ugushinga inzu ihingura impunzu, Davy K. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Davy Carmel umumenyeshamakuru w’Umurundi abarizwa i Kigali mu mboneshakure y’igihugu, RBA. 

Mu kiganiro yagiranye na Chita magic yamenyesheje ko kuba umumenyeshamakuru no kuba umunyamideri ngo n’ivyo yamenye ashaka kuva akiri muto. S’ico gusa kuko ngo gucapa no gushonesha impunzi ngo yabitanguye kera, kuko hari abo biganye yazicapiye noneho bazambara ku musi mukuru w’ukuronka urupapuro rw’umutsindo.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by Davy-carmel Ingabire (@davykarmel) on


Davy Carmel uno musi afise ikibanza adandarizwamwo izo mpuzu, kikaba giherereye i Kigali, mu karere ka Gasabo, Umurenge wa Kacyiru musi y’inyubakwa ikoreramwo ubuserukizi bwa Amerika kwi barabara ry’amabuye nkuko yabandanije abiyagira iyo mboneshakure y’i Kigali.

Davy Carmel yanamenyesheje ko bitatanguye bimeze neza kuko ngo mu mwaka wa 2016 agitangura, imodoka yiwe niyo yari iduka y’izo mpuzu, kuko basanga abantu aho bari.

Abaciye umuganingo imigere ibiri ntitereka, ntibari bwamenye ko Davy yamabara imitamana irenga 3, kuko ubu asigaye ari n’umwigisha, akaba akandi n’umukinyi w’amareresi. James akaba ariryo zina yahawe mw’ireresi Impanga ariko akinamwo muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 780