BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Hoba hari ikiriko kirategurwa hagati ya Big Fizzo na Mc Mello

Mc Mello yoba yakoranye na Big Fizzo indirimbo, naho bataragira ico babishikirizako.

Hoba hari igikorwa kiriko kirakorwa hagati ya Big Fizzo na Mc Mello Mc Love nkuko vyabonetse muri Video baheruka kurungikira mugenzi wabo abarizwa muri Canada.

Ivyo bikaba vyabonetse inyuma y’uruja n’uruza muri Studio ya Big Fizzo aho ngo yarajanywe n’ukumutemberera, ariko bikaba bishoboka ko bashobora kuba barakoranye igikorwa naho batagira ico babivuzeko.

Mc Mello akaba kandi agishika i Bujumbura yari yamenyesheje ko hari igikorwa gishasha azokorera muri Tanzania, bamwe bakabona ko yoba ari Diamond muri Tanzania.

Mwokwibuka ko Mc Mello aho aheruka i Bujumbura yakoranye n’abaririmvyi batandukanye nka Emery SUn, Double jay hamwe na Duniano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775