BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Bagiye kuronswa ibikoresho vyo kwikingira coronavirus

Hagiye gutangwa ibikoresho vyo kwikingira coronavirus ku bantu babangamiwe gusumba abandi.

Ivyo bikoresho bizoba bigizwe n’udufukamunwa, amasabuni, n’umuti wica imigera, bikazohabwa  abantu bageze muza bukuru, abari mu mabohero, mu marerero y’impfuvyi, abaganga hamwe n’abapatiri bakurikirana iyo mirwi yose.

Bimenyeshwa na Patiri Bosco Nintunze, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe caritas Burundi. Hari mu ruganda rwo kurabira hamwe akamaro k’ibinyamakuru mu kurwanya covid-19.

Uwo mugambi ukaba uzomara umwaka wose mu ntumbero yo gushigikira umugambi wa Reta mu guhangana n’ikiza ca coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764