AthletismeAlfredo FrojoBurundiChelseafeatured diasporafeatured sporthomepagekirundikirundi_SportsLinelYvan muziki

Warren Ndayishimiye abandanya gufasha imigwi y’abakiri bato.

Warren Cheby Ndayishimiye arabandanya igikorwa yiyemeje co guteza imbere imigwi y’inkino mu bakiri bato, mu kubaronsa ibikoresho vya nkenerwa, eka no mu guteza imbere ingabirano zabo.

Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 17Ruhuhuma, Ndayishimiye afadikanije n’ishirahamwe arongoye fitness for life, yatanze ubugira kabiri interterano igizwe n’ibirato , impuzu z’ugukinamwo (maillot), ibirato vy’ugukina hamwe n’imipira mw’ishure ry’umupira w’amaguru, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega,( Gitega Academy).
Intumbero y’ivyo bikorwa, ikaba ari uguteza imbere ingabirano z’urwaruka rukiri ruto, arirwo ruzoserukira igihugu mu myaka irimbere, ni mu ntumbero kandi y’ugutera intege abamenyereza biyo mikangara bitanga mu gukwirikira urwaruka kandi ata gahembo baronka.
Muraya majambo agira ati:

“Igituma dufasha muri bino bikorwa, ni uko twamaze gutahura akamaro k’ugukwirikirana urwaruka rukiri ruto mu nkino, turagerageza tugaterereza abagenzi bacu dukorana mu bwongereza, hanyuma tugashikiriza imfashanyo ku migwi tuba twabonye ko yitunganije neza.”
Iruhande ya Gitega Academy, hari umugwi w’abanonotsi ukorera imyimenyerezo ku kibuga Jardin public mu gisagara ca Bujumbura, nawo akaba yawushikirije imyambaro y’imyimenyerezo hamwe n’ibirato vyo gukora amahiganwa.

Aho hari ki munsi wakane w’indwi turangije.
Uyo mugwi Mbanza Sports ukaba umenyerezwa n’umuhumure yateye iteka igihugu mu myaka ya 80 na 90 Nizigama Aloys.

Warren akaba atagarukirije aho akaba mbere yifuza gukorera no mu yindi migwi mu ntumbero yo guteza imbere urwaruka rw’u Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 880