BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Hoba hari ikiriko kirategurwa hagati ya Big fizzo na Alikiba?  

Mu gihe hari hagize imisi hariko havugwa ivy’indirimbo ishobora gukorwa hagati ya Sat-b na Alikiba, ku musi w’ejo habonetse amashusho n’isanamu y’umuririmvyi Big Fizzo arikumwe n’uwo mushitsi w’umunya Tanzania yaje guteramisha abarundi.

Ntiharabasha kumenyekana ivyavuye mu biyago vyabaye hagati y’abo baririmvyi uko ari babiri, ubona ko Big Fizzo atari mu gitigiri c’abaririmvyi bazokorana mu biteramo 2 vy’uwo muririmvyi vyateguwe hano iwacu.

Ariko ikiriko kiranugwanugwa nuko hashobora kuba hariko hategurwa indirimbo mu misi ya Vuba, canke akazova I Bujumbura bamaze gukora, nkuko vyakozwe ku bandi baririmvyi nka Jux n’umuririmvyikazi w’umu Tanzania Jaydee. Ariko izo ndirimbo zose akaba yavuze ko zibitswe, zizoshirwa ahabona hageze.

Ariko mukibuka ko yamenyesheje ko mu kiganiro aheruka gukorera mu nsamirizi Colombe Fm ko gukorana indirimbo n’umuririmvyi akomeye bisaba ko hari ivyo babanza kwumvikana, kugira babashe kuyimenyekanisha bose uko ari 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776