BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Chris biz yavuze kwikinjura ryiwe muri label ya Andyllairs

Chris Biz ntagifitanye amasezerano na Andyllairs, kubera ata kanya ko kumukurikirana afise bivanye n’ibikorwa uwo muhinyanyuzi afise muri ino misi.

Ivy’ikinjura rya Chris Biz muri Label ya Andyllaire vyahavuye bishirwa ahabona, avuga icabitumye n’ico yiteze gukora muri ino misi.

Uwo muririmvyi akomoka mu ntara ya Gitega, Chris Biz, yavuze ko muri kino gihe ariko akora wenyene ngo kuko ubu batakirikumwe na Andyllaire muri label yiwe. Uwo muririmvyi avuga ko ata kibazo bafitanye, airko ngo n’ibikorwa batashatse ko vyononekara.

Kuri Micro ya Bujumbura Tv, yavuze ko bayaze na Andyllaire basanga bitari bukunde ko babandanya, kuko akanya ko kumukurikirana atagahari, igituma ngo nuko muri ino misi afise ibikorwa vyinshi.

Naho amasezerano bari bafitaniye yahagaze, uwo muririmvyia vuga ko ibikorwa bibandanya, aho akavuga ko indirimbo yiwe nshasha yasohoreye amajwi gusa nka hamwe yobandanya imenyekana cane kandi abantu bakayikunda, ata nkeka ngo azoca ayikorera amasanamu.

Mwomenya ko Chris Biz ari umwe mu bari bagize umurwi Wakali Gangsters, aho yarikumwe n’umuririmvyi Double jay uno musi abarizwa muri Bantu Bwoy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775