featured sportChelseahomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Abakunzi b’Umugwi Messager Ngozi baraye bakoze isanganya

Abakunzi b’umugwu Messager Ngozi baraye bakoze isanganya baganutse bava ibujumbura .

Hari ku mugoroba wo kur’ uyu wa Gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma umwaka wa 2019 igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice , aho hamenyekana inkuru itabereye ivuga ko abakunzi b’umugwu Messager Ngozi Bari bavuye mu gisagara ca Bujumbura ko bagize isanganya barenganye mu Kayanza mugihe bariko barataha.

Abagera kuri 8 bakaba aribo bakomeretse baca bajanwa vyihuta kuvurirwa mu bitaro vyo mu kayanza.

Umwe mubakomeretse cane Majambere Jean akaba yavuze ko umudereva w’imodoka yo mu bwoko bwa Hiace barimwo yashatse gukatira ikinogo cari mw’ibarabara ariko ipine y’inyuma iruhira kugicamwo ivyatumye imodoka ica iraruka ica irahenuka igwira kuruhande rw’ububamfu.

Urutonde rwabakomeretse rukaba ari uru rukurikira:

  • Majambere Jean
  • Majambere Régis
    -Ndiwenuwonkijije Emmanuel
    -Butoyi Vianney
    -Nsaguye Sylvestre
    -Niyonkuru Janvier
    -Munyentwari Elysé
  • Nzosaba Sylvestre.

Bikanavugwa ko bavuye mu bitaro kuri uyu wagatatu waraye uheze isaha zine zijoro, nayo abagera kuri bane baciye bababwira ko boja gukurikinairwa mu bitaro vy’i Ngozi imbere yuko bobandanya bivuriza iwabo.

Mukamenya ko Messager Ngozi ariyo bari yatsinze Bumamuru ibitsindo 3 kuri 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872