BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Eddy Kamoso ngo ntaje gupima akarere, agarutse gukora umuziki

 

Eddy Kamoso ngo yarabonye Imana ikora muri iyi myaka 5 iheze asubiye gukorera I Kigali, iyo ngo niyo mpamvu nyezina yatumye yandika indirimbo “Ndiho” aheruka gushira ahabona. Ivyo yatuganiriye mu kiyago twagiranye ku murongo wa Telephone.

Muri ico kiganiro, Kamoso yavuze ko abantu batari bake bamaze kwakira neza iyo ndirimbo, kuko bisanga ubutumwa buri muri iyo ndirimbo bubaraba. Akaba yanagiriyeko ahumuruza abantu ko ataje kwipima ariko agarutse burundu gukora umuziki, na rirya asigaye afise inzu y’ubuhinyanyuzi yiwe bwite, Nayoti Records.

Kamoso ntiyanaretse gusaba imbabazi abantu batazobona amasanamu y’indirimbo azoza arasohora. Imvo ngo nuko amasanamu we akora amugora cane, kuko bisaba ko ivyo yavuze mu ndirimbo biboneka mu masanamu, ico gihe rero ngo bica bimusaba kwitegura cane mu gukora amasanamu y’indirimbo.

Eddy kamoso Official ngo niko kazi yahaye urubuga rwiwe rwa Youtube, agatumirira abantu kuja kuyiraba n’ukugira Subscibe, kuko indirimbo zigiye gusohoka ku bwinshi mu misi ya Vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779