diaspora musicEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sportsmusic

Iry tina ngo ata rukundo n’ukwubahana hagati y’abaririmvyi nta terambere

Iry Tina the Queen ngo amahiganwa mpuzamakungu y’ibijanye n’imideri niyo yari yatumye abanza guhagarika umuziki gatoya, kuko bitashoboka ko afatanya ivyo bikorwa uko ari bibiri.

Uwo muririmvyikazi abarizwa mu gihugu ca Uganda haraheze imyaka itari mike aganira n’umwe muri bagenzi bacu yavuze ko icipfuzo afise ari uko yobona abaririmvyi n’indirimbo ndundi bishika kure bikavuzwa mu binyamakuru mpuzamakungu, eka bakanitabira amahiganwa akomakomeye kw’isi nka BET Awards.

Kubwa Tina ngo ico cizere kirahari kuko aramaze kubona ko hari abaririmvyi batandukanye batanguye gutangura kuvugirizwa indirimbo mu binyamakuru mpuzamakungu nka Trace Tv n’izindi, akizera ko mu bihe bizoza bizoba vyiza gusumba.

Iry Tina muri ico kiyago na Burundi Hot Songs  yavuze ko ahanura abaririmvyi gukundana no gusonerana kuko ivyo bibuze ngo ntaho abo baririmvyi bazoba bariko baraja. Kandi ngo batabashije gusonerana ngo n’abandi ntibazoheza ngo babasonere.

Mwomenya ko Tina ari mu baririmvyi b’abarundi bafise indirimbo kuri Youtube zimaze gukwiza incuro 1,000,000 zimaze kurabwa, iyo ndirimbo ikaba ari Hold Me imaze gukwiza incuro 1,062, 247 imaze kurabwa kuva igenekerezo rya 24/4/2020 isohoka.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885