BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Tetero ngo ico yosaba S.E Evariste Ndayimishimiye ni Yambii, akamuha n’ubutumire

Urukurikirane rw’umuririmvyikazi Tetero ngo ruri mu Nzira, kandi hazobonekamwo ibikoresho ndangakaranga Bambara bitari bike. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira bagenzi bacu b’imwe mu mboneshakure za hano iwacu. 

Nkuko uwo muririmvyikazi yabiyagiye iyo mboneshakure ngo hari amasanamu atari make azoba ari muri urwo rukurikirane. Urwo rukurikirane ngo ruzoba rurimwo indirimbo 8 nkuko yabandanije abiyagira iyo mboneshakure.

Muri ico kiyago kandi uwo muririmvyikazi yamenyesheje ko Collabo y’indoto ni iyo yokorana na Shakira noneho bagaca bakora RMX y’indirimbo WakaWaka, iyo nayo ikaba ari indirimbo yaririmbwe mu gihe c’ihiganwa ry’umupira w’Amaguru.

Tetero ngo icizere kirahari naho hari ibikiriko birategurwa, ariko yizeza abantu ko haba hano I Bujumbura, chipre mbere no mu yindi mice yisi ibarizwamwo abarundi ngo nta nkeka azohakorera ibitermao kuko Management yiwe iriko irabitegura.

Tetero muri ico kiganiro na Jimbere Magazine bamubajije ahuye n’umukuru w’igihugu ico yomusaba, yavuze ko yomusaba Yambiii, akamutumira muhira iwabo kugira babashe kumutegurira ibifungurwa, noneho agafungura amutamarira.

Tetero yagize ati : “Nomusaba Yambiii, hanyuma nkaca ndamusaba aze gufungura muhira, tukamutegurira ivyo afungura, hama agafungura ndiko ndamuraba. Ntii Yoooh umukuru w’igihugu ari iwacu. Ndamukunda cane, ndakunda ukuntu yitaho Urwaruka, ndumva nkuzwe nawe naho tutazinanye, nizera ko azobona iyi Video abone ko ndamukunda cane.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775