BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ado Josan na Big Fizzo boshobora gusubira mu kibanza ca Olegue

Indirimbo buca isohoka ya Adojosan na Big Fizzo yatanguye kumenyekanishwa kuri uyu wa kane amasaha yo mw’ijoro, ngo ije itorosha ibintu, mu gihe abantu bari bazi ko bagiye kuruhuka gatoya inyuma ya Korayo ya Olegue.  Ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu bantu babashije kugira ico bashikiriza ku rubuga rwa Instagram rwa Big Fizzo ubwiwe.

Mu kiganiro yaheruka guha Indundi Tv, Ado Josan yari yamenyesheje ko iyo ndirimbo itari bwakorwe, haheze imisi mikeya habonka Foto Big Fizzo na Ado basa n’abariko baraganira. Abantu bagumye bibaza ico iyo foto ivuze, kumbe bari bamaze guheza gufata amasnamu y’iyo ndirimbo ahubwo hari hakirindiriwe ko ishirwa ahabona.

Amashusho y’imponjo yatashizwe ahabona kuri uyu kane rero akaba yateye ubwoba abatari bake, umudundo n’amajambo bitanumvikanamwo. Mu babashije kugira ico bashikiriza ku gice ca Commentaire harimwo Landry Promoter, Irytina Ado josan ubwiwe co kimwe n’uwitwa Burundonthemap.

Burundionthemap yagize ati : “Noooooooo, Nooooo turarushe n’ama bangers, Burundian Artist mutureke turyame na gato, we are not ready. ” Abandi bamwishura ko ata gucureha ko urugamba rugikomeje, noneho nawe amwishura ko ata kundi bitegerzwa kugenda, ngo n’ukubandanya baraba ko ibintu vyotera bija imbere.

Landry Promoter we yanditse ati ndabona ibintu ari Moto, nayo Ado Josan akaba yariko abaza ko ibintu bitaratungana, Big Fizzo amwishura ko ibintu bikiriko birahinyanyurwa.

Amashusho ariko araboneka kuri iyo ndirimbo akaba ashobora kuvugwa cane nkuko vyabaye ku ndirimbo ya Korayo ya Olegue, kuko habonekamwo intambo n’imyambaro ishobora kutavugwako rumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775