BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Uku niko ikiza ca koronavirisi cifashe mu Burundi kuva kihashitse

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 22 Ntwarante umwaka w’2021, inyuma y’inama ihuza umurwi ushinzwe kurwanya ikiza ca koronavirusi, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwana Sida Thaddée Ndikumana yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru aho yashikirije uko ikiza ca Koronavirisi cifashe kuva gishitse mu Burundi.

Thadée Ndikumana amenyesha ko kuva ico kiza gishika mu Burundi, abantu:

Abantu 2618 baramaze kwandura ikiza ca koronavirisi, 2420 barakize, 192 baracari ku miti, nayo abantu 6 nibo bamaze kwitaba Imana.

Umushikiranganji Thaddee Ndikumana aranatera ivyatsi abantu bitwa ko bize, abanyabirato kuko banka kuza kwipimisha hakiri kare, bakishinga kwiyubikira muhira canke muri za sauna bakaza bamaze kuremba.

Yarangije yibutsa abarundi bose kwama bitwararika amabwirizwa yatanzwe n’ubushikiranganji hamwe no kwipimisha hakiri kare mu gihe bumvise ibimenyetso nko gukorora n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764