BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Inyifato ya Big Fizzo yo kubika umudari mu mufuko yateje ikibazo

Mu gihe Big Fizzo ari mu bahawe ubushimwe, ariko kandi yari yasa n’uwagaye itegurwa ryavyo mu misi yahera, uwo muririmvyi yahavuye akora ivyo bamwe bavuga ko ari ukunegura ubushimwe bahawe.

Muri ino week end icariko kiravurwa cane n’itanga ry’ubushimwe bwa Burundi Talent Awards, iryo tangwa rikaba ryagizweko impari zitari nke inyuma yaho bamwe bavuyemwo noneho bagasubiramwo, abandi nabo bakavuga vyinshi, ariko bakaruhukira gutora ubwo bushimwe.

Iyo nkuru nyene yakurikiwe n’uburyo Big Fizzo yakiriye umudari w’agashimwe bamuhaye, bamwe bise uwa Jeux Olympique, bagiheza kuwumwambika yaciye awukura mu mufuko, akiri imbere y’abantu. Noneho abona kwakira ishurwe bise irya Saint Valentin, naryo riri mu bushimwe bahawe.

Ico kimenyetso abatari bake bakaba bavuga ko kwoba ari ukudaha agaciro uwo mudari yari ahejeje guhabwa, naho biboneka ko we yarabiryoherewe kubera amajambo yavugiye kuri Podium bariko barahabwa ubwo bushimwe, aho yatunze urutoke umwe mu bamenyeshamakuru bari bahari avuga ko ngo bari bavuze ko bitazoba.

Big Fizzo yaba Kidum bakaba ari bamwe mu baririmvyi bakekwako kuba hari ico boba barahawe ngo bikunde bemere kuja guhabwa ubwo bushimwe, bamwe bavuga ko butesha urubwa igihugu. Bakabona ko ubwo bushimwe butabereye ivyo bihangange mu muziki ndundi.

Ivyo bishitse mu gihe hari Awards zitari nke zahora zitangwa mu myaka yahera, aho ni nka Top Ten Music Awards abatari bake bavuga ko bakumbuye, kubera baravye uko vyari bitunganijengo uno musi vyari kuba bigeze ku rwego rukomeye gose.

Mwomenya ko abo baririmvyi, abahinyanyuzi, aba Promoter n’abandi batari bake bahawe ubushimwe bugizwe n’ishurwe, umudali hamwe na Certificat d’honneur.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775