homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Jose Moninho aripfuzwa n’abakunzi ba Real Madrid

Morinho umwanya n’umwanya ashobora gusubira muri Real Madrid.

Ivyo bikaba vyibonekeje mu rukino rwa Champions league ruheruka aho Real Madrid yanyagiwe bimwe bikomeye n’umugwi wa Ajax ibitsindo 4 kuri 1.

Muri urwo rukino humvikanye induru nyinshi y’abakunzi b’umugwi Real Madrid baririmba izina rya Jose Moninho .

Naho baririmba izina ryiwe Jose Moninho wewe akaba avuga y’urwo ata biganiro birakorwa hagati yiwe n’umugwi Real Madrid ariko akaba yashimishijwe n’ingene abakunzi ba Real Madrid baguma bavuga izina ryiwe .

Morinho ati : “Nimba bariko bavuga izina ryanje n’umunezero udasanzwe kuri jewe ariko ndazi y’uko Real Madrid bafise umumenyereza wabo ndetse nta n’ibiganiro biraba hagati yanje n’abatwara umugwi Real Madrid”. Ivyo akaba yabiyagiye imwe mu mboneshakure zo mu bwongereza.

Mukamenya y’uko Jose Morinho gushika muri kino gihe ata mugwi afise inyuma yo kwirukanwa mu mugwi Manchester United.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871