BurundiEsther Nishhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligueYvan muziki

Abakinyi ba Aigle Noir bakaswe amafaranga

Umugwi Aigle Noir w’i Makamba wamaze gukatwa amahera n’uwusanzwe atwara uyo mugwi.

Ayo mahera bakaba bayakaswe n’umukuru w’inama nkenguzamateka akongera akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB umushingamateka Reveriyano Ndikuriyo, binavurwa n’uko yoba ari nawe asanzwe ari umuyobozi w’umugwi Aigle Noir .

Impamvu bakaswe ayo mahera yoba ari ugufata minenengwe urukino rw’indwi ya 27 ya Primus league rwaraye rubahuje na Rukinzo Fc aho uyo mugwi wa Ruzinzo Fc waraye ubatsinze ibitsindo 2-0 ivyatumye Reveriano Ndikuriyo ashavuzwa n’iyo ngendo itabereye baraye berekanye

Ugukatwa amahera kwa Aigle Noir bikaba vyanditswe na Honorable Reveriyano Ndikuriyo ubwiwe abicishije ku rubuga Faceebook rwiwe aho yanditse ati ” Umugwi Aigle Noir wakaswe amahera angana n’imiriyoni zibiri 2.000.000fb inyuma yo kugaya urukino rw’uno musi no gutsindwa ibitsindo 2 -0 n’umugwi wa Rukinzo Fc”.

Mukamenya y’uko Aigle Noir imaze gutahukana igikombe ca Primus league 2018-2019 naho ugisigaje inkino 3 kugira urangize ihiganwa rya Primus league .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 881