EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Yvan Muziki buca ashira ahabona igikorwa yakoranye n’umunyamahanga

Hampande y’ishirwa ahabona ry’akaririmbo yakoranye n’umwe mu baririmvyi bo muri afrika y’ubuseruko, Yvavn Muziki azonakira Chameleon.

Yvan Muziki ibikorwa ngo ntivyahagaze na gatoya, ariko vyarabandanije ukuri kwamye, ivyo bishikirizwa nawe nyene ubwiwe, aho buca yakira mugenziwe akomoka mu gihugu ca Uganda mu giteramo azokorera mu Bubirigi.

Ico giteramo akaba azogikora mu mpera z’uku kwezi kwa 3, aho Dr Jose Chameleon azoba aramutse yakirwa mu gisagara ca Brussels, ngo ahakorere igiteramo. Yvan akaba ariwe muririmvyi yacaguwe ngo azomwakire.

Amakuru dukesha bamwe mu ncuti ziwe ziri i Kigali, avuga ko uwo muririmvyi buca ashira ahabona indirimbo yakoranye n’umuririmvyi w’umunyarwanda, yakoze aho yaheruka i Kigali. Ariko tukaba tutarabasha kumenya neza ryari izoshirwa ahabona.

Mwokwibuka ko Yvan Muziki ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bakunzwe i Kigali, uturirimbo tumwe tumwe twiwe tukaba tunavuzwa cane muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754