homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Zinedine Zidane agiye gusubira muri Real Madrid

Umugwi wa Real Madrid ukoze impinduka giturumbuka ugarukana uwahoze ari umumenyereza wabo Zinedine zidane .

Ivyo bikaba bihejeje gukorwa kuri uyu mugoroba wo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante umwaka wa’2019 n’umugwi Real Madrid inyuma y’Imana yakozwe n’abarongozi basanze batwara Real Madrid mu masaha ya sakumi n’imwe 17h00.

Mugatondo ko Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante uyo mumenyereza zinedine Zidane niwe azokoresha imyimenyerezo .

Zidane akaba yahawe amasezerano yo kumenyereza uyo mugwi wa Real Madrid gushika mu mwaka wa 2022.

Akaba agiye gusubirira Santiago Solari yari amaze imisi atanga umusaruro utabereye muri uyo Mugwi Real Madrid harimwo no gusezererwa muri Champions league na Ajax.

Uyo mumenyereza akaba yigeze gutwara ibikombe bitatu vya Champions league yikurikiranya ivyo bikaba bitigeze bikorwa n’abandi bamenyereza baciye muri uyo mugwi.

Mukibuka ko Zinedine Zidane yigeze gutanga imihoho muri uyo mugwi kumvo z’ukutumvikana neza n’uburongozi bwa Real Madrid naho wew yahavuye abibeshuza avuga y’uko yatanze imihoho kugira Real Madrid ibashe kuguma itwara ibikombe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871