BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Masterland avuga ko Kidum yicaye mu gihe abandi bariko barakora

Masterland ati “ukutavuga kuvyo Kidum yavuze kwoba ari ukwirengangiza ama miriyoni ariko ashirwa mu muziki, co kimwe n’amajoro ndara nicaye”.

Umuziki ndundi ngo uhagaze neza cane, aho nta gukekeranya, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Masterland ubwiwe, aho avuga ko igituma aruko uno musi uwo muziki nyene usigaye utuma abaririmvyi ubwabo nabo babasha gutunga imiryango yabo.

Mu kiganiro Marvin Show, Masterland avuga ko uno musi aho umuziki ndundi ugeze, uhagaze neza kandi utigeze kuba uhagaze neza nk’uno musi. Uwo muririmvyi akaba abivuga yisunze ko n’indirimbo z’abarundi zibandanya ziciririkana mu binyamakuru bikomeye.

Materland akanavuga kandi ko hari n’abahinyanyuzi bakomeye muri kano karere co kimwe no ku mugabane w’uburayo bakomotse hano iwacu, aho agatanga akarorero k’aba Dj Daddy bari ku mugabane w’uburayi canke Liser Classic muri Tanzania, co kimwe n’abari mu gihugu ca Kenya.

Land muri ico kiganiro ntiyanariye umunwa yavuze ko uno musi urunganwe ruhari, ruriko rutegurira kazoza keza abazobakurikira, kuko bariko bashira uburyo mu bikorwa bituma abakiri bato babasha gutezwa imbere. Aho agatanga akarorero k’ama Label ariko arashingwa hirya no hino, mu gihe abo bita ibicocoro ataco bariko barafasha batoyi babo ngo babateze imbere.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe abatari bake bidogera uwo muririmvyi kuko ngo atigeze afata ukuboko bato biwe ngo abaduze ingazi mu gihe yari akiri uwukomeye muri bino bihugu. Mwomenya ko bivurwa ko Kidum yoba ari mu bafashe mu mugongo Big Fizzo, aho yamusanga mu gihugu ca Kenya. Kidum kandi agaharurwa mu banafashije umuririmvyi Rally joe mu bikorwa vy’indirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760