Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Burundi Vs Congo Brazza: ibiciro vyo kwinjira kurorera urwo rukino vyamaze gushirwa ahabona

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryamaze gushira ahabona ibiciro vyo kwinjira kurorera urukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN U 23 ruzohuza Intamba mu rugamba na Congo Brazzaville ruzoba ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Uku niko ibiciro bimeze:

  • Ku mpande z’ikibuga : ni amafaranga igihumbi 1000fb
  • Mu bwugamwo bw’iteka A na D: ni amafaranga ibihumbi bitanu 5000fb
  • Ubwugamwo bw’iteka B na C : ni Amafaranga ibihumbi cumi 10.000Fb
  • Ubw’ugamwo bw’iteka V.I.P ni amafaranga ibihumbi mirongo ibiri 20.000Fb

Ayo matike akazoba ariko aradandazwa mu gatondo ko ku musi w’urukino guhera igihe c’isaha zibiri zo mugatondo 8h00.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878