BurundiArsenalhomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Abarundi baba mu makungu baterereye intamba mu rugamba

Mu gihe umugwi w’intamba mu rugamba wimirije urubanza rudasanzwe, abarundi baba mu gihugu ca Sudan berekanye urukundo bakunda uwo mugwi mu gutanga intererano yabo.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 12 Ntwarante niho umugwi Kaze Fc usanzwe ukinira mu gihugu ca Sudan y’epfo urongowe na Deo Maxime watanga intererano ingana n’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana umunani na mirongo ibiri na bitanu (825.000fb) ku mugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba kugira witegurire neza urukino rugiye kubahuza na Gabon ku musi wa gatandatu uza igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka w’2019, urikino rutegekanywa kuzotangura igihe c’isaha icenda z’umuhingamo rukazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Iyo ntererano bakaba baraye bayihaye abamenyeshamakuru b’insamirizi Buja FM aribo Arsene Bucuti hamwe na Elvis Iradukunda kugira bayibashikanire kw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878