homepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_Sports

Eric Nzikwinkunda umunonotsi umwe rudende agiye guserukira Uburundi muri World Atletics Indoor Championships 2022 ni nde?

Eric Nzikwinkuda ni umunonotsi w’umurundi akaba yavukiye mu ntara ya Bururi komine Matana umusozi Ruzira.

Eric amashure mato mato yayize aho mu Ruzira akaba yabandanirije amashure yisumbuye mu Ntara ya Makamba,amaze kuva i makamba yaciye yerekeza mu gisagara ca Bujumbura kumarira amashure yiwe yisumbuye akaba yayahereje kw’ishure ry’ Imyuga ryo mu Kamenge hasanzwe hitwa ETS Kamenge.

Eric Nzikwinkuda amaze kurangiza amashure yiwe yisumbuye yararindiriye ko oronka akazi arabura, niko kwibuka Ko asanzwe afise impano yo kwiruka aca afata ingingo yo kuja kuba arimenyereza muvyo kwiruka aho yabifashijwemwo n’umumenyereza wiwe Aloys Nizigama (Ambassadeur) nawe akaba yamufashije ibitari bike.
Si Ambassadeur gusa akesha uburebure bwiwe kuko, ibihangange nka Venuste Niyongabo na Francine Niyonsaba , Umurwizatunga Sioni, kumwe n’umukozi w’Imana Prophète Modest bari mu bantu Éric avuga KO bamufashije gukuza iyo mpano.

Nzikobanyanka akaba yitabiriye ayo ma higanwa mpuzamakungu Ku ncuro yambere akaba ari umurundi umwe yaronse ayo mahirwe, inyuma ya Francine Niyonsaba yatahukanye umudari w’inzahabu.

Tubibutseko Ko Eric Nzikwinkuda yigeze kwitabira amahiganwa yabereye mu gihugu ca DJIBOUTI Aho yatahukanye umudari w’inzahabu(Médaille d’or).

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports imwpfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871