Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Uku niko abakinyi b’intamba baza gushika i Bujumbura

Mu gihe hasigaye imisi indwi kugira intamba mu rugamba zakire umugwi wa Les Panthères wo muri Gabon hamaze kumenyekanya abakinyi bamaze gushika i Bujumbura n’imisi n’igihe abandi bazoshikira

1) Umugwi wa mbere w’abakinyi bamaze gushika i Bujumbura ukaba ari umugwi uhurikiyemwo abakinyi batandatu. Abo nabo akari ari:

  • Nahimana Jonathan
  • Kwizera Pierrot
  • Ndikumana Seleman
  • Ngando Omar
  • Rashid leaon
  • Nizigiyimana Karim

2. Umugwi wa kabiri uzoshika kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante nawo ukaba uhurikiyemwo abakinyi bashika kuri batandatu abo nabo akaba ari aba bakurikira :

  • Moussa Omar hamwe na Shassir Nahimana abo bazozanwa n’indege yo muri Kenya y’isaha z’itatu n’iminota icumi 9h10min
  • Justin Na Mohamed Amissi nabo bazozanwa n’indege ya Rwandair y’isaha icumi na rimwe n’iminota icumi 17h10 Min

Gael Duhayindavyi hamwe na Cedric Amissi ntibaramenya igihe bazoshikira i Bujumbura

3. Umugwi wa gatatu uzoshika ku musi wa mbere igenekerezo rya 18 Ntwarante ukaba uhurikiyemwo abakinyi bane aribo:

  • Laudit Mavugo, Arakaza Mac Arthur hamwe na Saido Berahino bazoshika n’indege y’isaha zitatu zo mugatondo 9h00
  • Gael Bigirimana nawe azoshika n’indege y’isaha indwi n’iminota mirongo ibiri 13h20

4 ) Umugwi wa kane uzoshika ku musi wa kabiri igenekerezo rya 19 Ntwarante ukaba uhurikiyemwo abakinyi batandatu aribo :

  • Lucio , Enock , Mustapha Francis hamwe na David bazoshika n’indege yo muri Kenya y’isaha indwi n’igice zo mugatondo 7h30
  • Tshabalala nawe akazoshika n’indege ya ET y’isaha indwi n’igice 13h30
  • Papy Faty nawe azoshika n’indege ya Rwandaire y’isaha icumi na rimwe n’iminota icumi 17h10

5. Umugwi wa gatanu nawo uzoshika ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante nawo ukaba uhurikiyemwo umukinyi umwe gusa nawe akaba ari:

  • Fiston Abdoulrazzaq akazoshika n’indege ya Kenya y’isaha z’itatu zo mugatondo 9h00

Ayo makuru tukaba tuyakesha umunyamabanga mukuru wa FFB ariwe Manirakiza Jean Marie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878