Diasporaabavugizidiaspora eventshomepagekirundi

Anny Cynthia yaronse ikibanza ca gatatu muri Miss Africa Arizona

Abenshi mwaramubonye igihe yariko araca ku mbuga nkoranya mbaga, asaba Ko mwo mutora, nk’umurundikazi mwiza agiye guserukira igihugu c’amata n’ubuki muri Miss Africa Arizona.

Anny Cynthia Habonimana akaba ari umurundikazi abarizwa Ku mugabane wa America, ngo ni umunyakaranga nkuko yavyivugiye, ndetse ako karanga nyene niko yari yaserukanye muri iryo higanwa ry’abanyafrica kazi baba muri Arizona.
Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 akaba ariryo Sango ryari iryo gushikiriza umwigeme yatahukanye ikibanza cambere.
Anny Cynthia akaba yahiganirwa ico kibanza n’abandi bigeme nkuwo muri Nigeria, Ghana,Kenya,Rwanda, na Sierra Leone.
Cynthia nubwo ataronse amahirwe yo kuba uwambere akaba amenyesha Ko yashitse kuvyo yofuza, kuko icifuzo nyamukuru kwari uko yerekana umuco n’akaranga ndundi.
Kuva ashika Ku mugabane wa America Anny yagumye na ntaryo afise umwitwarariko wo gushaka kwerekana ivyo abarundi bashoboye ndetse no kwerekana akaranga k’igihugu.
Mu kiganiro na indundi radio, Anny Cynthia akaba ahamagarira abarundi na cane cane abigeme kwiyemera bakamenya KO bashoboye batokwikumira.

Mwomenya Ko ikibanza ca mbere catahukanywe n umu Nya Ghana nayo icakiri gitwara uwo muri Sierra Leone.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760