homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Qatar ibandanya kuzibira ngo Neymar ntaje muri Real Madrid

Qatar ntiyerekwa icipfuzo ca Real Madrid co kugura Neymar, Naho Real yemereye uwo mukinyi umushahara usumba uwo bamuha.

Mu gihe bivurwa ko Real Madrid iriko iragerageza uko bishoboka kwose ngo umukinyi w’umunya Bresil Neymar ashikanwe muri uwo murwi, ngo igihugu ca Qatar gisanzwe gifise umutahe mu murwi wa PSG coba naco gihagaze magabo kugira uwo mukinyi ntabace mu myanya y’intoke.

Neymar yoba yemerewe n’uwo murwi wa Real umushahara ungana n’40,000,000 € ku mwaka “yababa 120,000,000,000 fbu”, noneho akagurwa 300,000,000€ “yababa 120,000,000,000 fbu”. Mu gihe uwo mukinyi asanzwe muri kino gihe ahembwa 3,060,000€ ku kwezi,  angana na 36,720,000€ ku mwaka “yababa 110,160,000,000fbu”, nkuko tubikesha ikinyamakuru lequipe co mu bufaransa.

Ariko naho biruko, uwo mukinyi aho aheruka gutemberera igihugu ca Qatar aho yari mu karuhuko kubera imvune. Ikinyamakuru AS kivuga ko atari urugendo rusanzwe, ahubwo ngo hariikiyago gikomeye cariko kiraba hagati yiwe n’abanya Qatar ngo bikunde ntahireharihe ngo akinjure muri uwo murwi.

Ivy’ikinjura ryiwe muri uwo murwi wa PSg bikaba bivurwa mu gihe gushika ubu afutanye amasezerano n’uwo murwi yo gushika mu mwaka wa 2022, umwaka igihugu ca Qatar kizoba cakiriye inkino z’umupira w’amaguru kwisi, World Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871