africa newsAkes DonEast Africa NewsEntertainmenthomepageIndundi Hits ShowskirundiMagic Soldier Kingorongoro

Bemeza ko Diamond yoba yarabeshe Hamissa ko yakundanye na Nicky Minaj

Mobeto yavugiye Diamond ku bamwagiriza ko yoba ariwe yamubeshe ko bakundanye na Nicky Minaj bagikundana.

Mu gihe amaze igihe batari kumwe mu rukundo, hasubiriye kuvyuka amajambo avuga kuri Diamond na Hamissa Mobeto.

Hamissa abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu ndwi iheze yanditse avuga ko hari umuhungu bagendanye ariko batakiri kumwe ngo yamubeshe ko yakundanye na Nicky Minaj, ariko ngo kuko yamukunda cane ngo ntiyagize amakenga, ngo yapfuye kumwemerera. Ariko ubu akibaza igituma yamubeshe uko, aho yanaciye aboneraho akaryo ko kumubaza.

Mu babashije kugira ico bashikirije kuri iyo shusho yanahavuye ifutwa, abatari bake bemeza ko yoba ari Diamond Platnumz, igituma ngo nuko asanzwe ari umubeshi cane, nkuko amakuru dukesha ikiganiro IG Life gica ku mboneshakure SMS yo muri Tanzania abishikiriza.

Umwe muribo akaba yanavuze ko Diamond akuramuje ati :”Mwaramutse”, ngo n’uguca ubanza kuraba hanze ko bwakeye, kuko ashobora kuba ariko arakubesha.

Ariko naho abo bantu bo bavuga ko ari Diamond, Hamissa we ngo yarabashije kwishura uwo muntu, avuga ko atarivyo na gato, naho batanyuzwe.

Abariko bashikiriza ico kiganiro, bakaba bibaza ko uwo mukunzi wa Hamissa wa kera atabashije kuvuga, ngo ashobora kuba ari umwe mu bantu bashobora kuba bagenda hanze cane, ariho hoba haravuye ukuvyemera atabanje gushishoza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769