BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Nta citwazo c’ukutavuza Indirimbo za hano iwacu

Abaririmvyi b’abarundi bakora neza, ngo uno musi ni benshi cane. Nta citwazo na kimwe c’uko habuze izovuzwa cane hano iwacu. 

Yoya abona ko abavuga ko atazihari ngo ari icitwazo gusa, kuko ngo uwuhawe indya z’ubwoko bwose, agahitamwo zimwe, ngo ntibisigura ko izisigaye ari mbi, ariko n’izo yacaguye wewe.

Jamal akaba abona kubera abaririmvyi bo hanze batwinjiranye cane, arico gituma ondirimbo nziza za hano iwacu zitaronka akaryo ko gushika kure, kuko zitaronswa umwanya ukwiye.

Yoya akaba ahanura abavuza izo ndirimbo haba mu nsamirizi canke mu butambiro abo bita aba Dj, kureka kuvuza indirimbo z’abarundi, nyinshi gusumba iz’abo hanze, kuko nibashima ko abarundi basigaye bakora cane, ngo azoba ari iteka kuri uwo murundi wese.

Mwomenya ko uwo muririmvyi adashigikiye ko abamenyeshamakuru n’aba Dj aribo bafukamye munda umuziki wa hano iwacu, ahubwo abona ko iterambere ry’umuziki wa hano iwacu, ngo rihagaze ku bantu bose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775