EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Youtube yugaye urubuga rwa Diamond Platnumz

Ku basanzwe bakurikirana urubuga rwa Facebook rw’ikinyamakuru cacu Indundi magazine, Mu misi iheze twari twabamenyesheje ko urubuga rwa Youtube rw’umuririmvyi Nasibu Abdoul Juma benshi muzi nka Diamond Platnumz rwari rwibwe n’abantu bataramenyekana, ariko rukaza gusubira kandi kugaruka mu mabok y’uwo mugabo.

Uno musi mu masaha yo ku mutaga hamenyekanye ko urwo rubuga nyene rwari rwibwe rwari rwahagaritswe na Youtube ubwabo. ama Video co kimwe n’aba Subscribe bikaba vyari vyafuswe n’urwo ruganda rusanzwe rufise icicaro ku mugabane wa Amerika.

Imvo zari zatumye ruhagarikwa nkuko amakuru dukesha inzobere kuvy’urwo rubuga abimenyesha ngo n’ivyari vyacishijwe kuri urwo rubuga igihe rwibwa, aho ni nk’amakuru ajanye n’ivya amafaranga agurishirizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Urwo rubuga ariko mu masaha makeya gusa, rukaba rwahavuye rusubira kandi gukora ukuri kwamya. Ivyo bikaba bishobora kuba biva kuko uwo muririmvyi asanzwe afitanye ubucuti bukomeye n’urwo rubuga ubwarwo, ariko  kandi n’uko asanzwe akorana n’amashirahamwe akomakomeye cane, asanzwe ari abishikira muri urwo ruganda, ariko kandi n’uko amakosa bamwagiriza atabavuyeko, ahubwo yavuye kuri abo bari bamwivye urwo rubuga.

Iryo rikaba ritabaye irya mbere nkuko amakuru atangwa na BBC bakesha Manager wa Diamond ubwiwe abishikiriza, ahubwo rikaba ribaye irya 2 urwo rubuga rwa Nasibu rwibwa, ariko bakabasha kurugarura nkuko vyabaye uno musi.

Ivy’iyibwa ry’imbuga zitandukanye cane cane Youtube bikaba vyeze, kuko no ngaha iwacu imbuga z’abaririmvyi n’abikorera utwabo zimaze kwibwa akatari gake, naho hataramenyekana abaziba, naho benezo bemeza ko ari abarundi bene wabo baba bashaka kubatwara aho bakura umukate.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769