BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo agiye kurya n’ay’abari mu bwongereza

Inyuma y’ibiteramo yakoreye mu bufaransa no mu bubirigi, hamwe n’ukuboneka mw’ihiganwa ry’umupira ryahuje imigwi y’abarundi baba ku mugabane wa buraya, Big Fizzo agiye gukorera igiteramo mu bwongereza naho.

Inyuma y’igihe amafaranga y’abanyarwanda aciye mu giteramo atayashira ku w’inyuma, ubu yahamagawe na Company yitwa Kigali Night Entertainment, kugira aziteramishe abakunzi biwe bari mu bwongereza.

Muri ico giteramo Mugani ngo azoba Atari wenyene kuko hari n’abanyarwanda bazokorana, umugwi ndangakaranga AMAGAJU.

Ico giteramo kikaba kimenyekanye inyuma yaho uwo muririmvyi avugiye ko igihe azogarukira I Burundi atakizi neza, kuko ngo kubisanzwe muhira n’i Burayi, I Bujumbura aba Ari mu karuhuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775