homepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_Sports

# Breaking News : Abakinyi ba Flambeau du Centre bahawe agashirukabute k’imiriyoni 60

Uwutwara umugwi Flambeau du Centre w’i Gitega Kazohera Vénerand , yahaye imiriyoni 60 abakinyi bari kumwe na Staff.

Imiriyoni 30 za mbere ni izo kubashimira kubona baratahukanye ubwa mbere igikombe ca Primus League , mu gihe izindi 30 ari iz’igikombe ca Primus league bazohabwa na FFB.

Ayo mafaranga akaba yaraye ayemereye abo bakinyi i Gitega kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2022, mu gihe yari yakoranije abakinyi na Staff mu ntumbero yo kubakeza no kubasaba kwitanga uko bishoboka batware n’igikombe c’Umukuru w’igihugu.

Uwo mugwizatunga yasubiye kandi yemerera abakinyi ko ni vyashika bagatahukana gikombe c’Umukuru w’Igihugu  amafaranga bazoba bahawe azoca ayabagabira nayo nyene.

Mwomenya ko Kazohera Vénerand yasubiye kandi yemerera abakinyi ba Flambeau du Centre ko azobasabira inkino za kivandimwe n’imigwi ikomeye yo muri kano karere nka Kenya , Tanzania hamwe na Uganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871