BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Double na Kirikou bagiye kwerekeza muri Uganda

Muri Biliman Boy, ikivugwa cane n’ikorwa ry’indirimbo zabo bakoranye n’abaririmvyi Dr Jose Chameleon na Weasel.

Izo ndirimbo 2, zose ngo ntizasabwe na Dj Paulin nkuko abatari bake boba bavyibaza, ariko ngo imwe muriyo yasabwe n’uwundi muntu.

Nkuko yabiyagiye mugenzi wacu, Juste Gael, ngo we muvyo yasavye ni Collabo ya Double Jay – Kirikou Akili na Chameleon, ariko kuko abo basore 2 bamana nk’izuru n’umunwa, ngo barikumwe igihe co gukora iyo ndirimbo, noneho Dr Jose Chameleon akunda Kirikou, Niko kumubwira ko Aho bukera bokorana na Weasel.

Uwo mugabo akunda umuziki wa hano iwacu cane, yavuze ko kuko abo baririmvyi basubiye I Bugande, ngo abo baririmvyi ba hano iwacu bazoca bafata indege berekeze I Bugande bagende bakore amasanamu yazo.

Nayo kucoba catumye abahitamwo, ngo n’uko aribo bari bashikiriwe, kuko nkuko yavyemeye ngo azokorana n’abaririmvyi batandukanye, akaba amaze gukorana n’abatari bake, ubu hakaba hari hashikiriwe Double Jay na Kirikou.

Dj Paulin akaba yanaboneyeho akaryo ko kubeshuza amakuru yuko yoba afise umugambi wo kubera Manager abo basore uko Ari 2, ahubwo akavuga ko we ico akora Ari ugushigikira gusa.

Mwomenya ko izo ndirimbo ziba zakozwe na Dj Paulin aba Ari iziwe, ziraba ari iz’abo baririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775