BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

B face yoba ariwe muririmvyi wa mbere agiye kuraba Olegue mw’ibohero

Mw’ibihero ngo ntivyoroshe, ariko igikomeye n’ukwoha amahoro, kugira ubashe kubaho neza nay’ahandi wosara. Ayo n’amwe mu majambo umuririmvyi Baraka Olegue azwi cane nka Delegue General yabwiye umwe mubo dusangiye umwuga. 

Uwo muririmvyi akaba amaze ukwezi kurenga abarizwa muri iryo bohero rya Mpimba,akaba yazize amasanamu yakoze Aho yariko amenyekanisha igiteramo ciwe Cari bube kw’ipasika.

B face, Hosiane Irakoze azwi nka Hosy n’abandi nibo baheruka kuja kuraba uwo muririmvyi Aho afungiwe. B face akaba ngo abaye uwa mbere agiyeyo, kuko ata wundi ngo yari bwabikore mubo basangiye umwuga.

Nkuko amakuru dukesha Siren abishikiriza, ngo B face na Hosy bamwemereye kuzoja kumuraba kenshi gashoboka kugira abashe kugira ingoga zo kuba muri ico kibanza kitoroshe.

Mwomenya ko Olegue ritabaye irya mbere afungirwa mu Mpimba, kuko haheze igihe yigeze gufungwa ahorwa ivyo acisha mu ndirimbo ziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775