abakinyi bakina hanzehomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

Ikiyago gito Cedric Amissi yagiranye na Indundi Sports

Cedric Amissi : «Urukino ruzoduhuza na Namibia nirwo ruzoduha amahirwe yo kubona y’uko twoja muri CAN ».

Abajijwe ingene yiteguriye urwo rukino ndetse n’urukino rukurikira, Cedric Amissi akaba yagize ati: «Twe twiteguye neza cane dusavye abarundi bagume badushigikira kuko hano kw’isi ntakidashoboka ».

Abajijwe ikibazo co kutakirira inkino zabo i Bujumbura kidashobora kubaca intege wewe gishuye y’uko ataco bibatwaye agira ati: «nta nakimwe kabisa kubera y’uko twe turi abasirikare ahantu hose twojayo tukarwana ».

Twasubiye kandi tumubaza ingene yakiriye igaruka rya Nizigiyimana Karim Makenz mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, yaciye yishura y’uko igaruka ryiwe rifise ikintu kinini cane rizofasha Intamba mu rugamba bivanye na Expérience uwo mukinyi afise.

Ibura rya Youssuf Nyange ryoryo ntaco worivugako? akaba yishuye ati : «Hari ikintu kizogabanuka mu mugwi ariko ntakundi niko Imana yari yabiteguye ».

Mwomenya y’uko Intamba mu rugamba zizokwakirwa na Nambie igenekerezo rya 04 Ruheshi 2022 muri Africa y’epfo, mu gihe igenekerezo rya 9 Ruheshi nazo nyene zizokwakirira Cameroun muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 888