BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Si Brarudi canke Dream House yari yarungitse Mow Kanzie I Dubai

Urugendo ruheruka kuvugwa n’ama foto Atari make akaboneka Mow Kanzie yagiye I Dubai, ngo ntiyari yagiye mu karuhuko gusa, Kandi si Dream House asanzwe akorana nayo yari yamurungitse.

Mu kiganiro yagiranye na Dushi Entertainment, uwo muririmvyikazi yavuze ko yarasanzwe afise umugambi wo kuja muri ico gihugu kuko hari ivyo yaragiye kurondera.

Muvyo yaragiye kurondera, uwo muririmvyikazi asanzwe ari n’umwe mu biyungunganya bita aba Entrepreneur mu kinyamazuru, ngo n’ivy’uko yoronka uko yiyungunganya.

Mow Kanzie akaba Ari umwe mu bigeme bavuga ko akaryo kose aronse ko kwinjiza amafaranga ashobora kugafata, mu gihe bitamutesha ibanga.

Amakuru dufise nuko uwo mwigeme yoba afise ikigo ciwe gisanzwe kiraba ibijanye n’ukumenyekanisha ibintu asanzwe akora haba ku mbuga akoresha canke ahandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775