East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Jongles zidashika 30 zahesheje umuntu Imiliyoni 10 

Aho inyuma mu gihugu kibanyi ca Tanzania, ibintu birakaze, basigaye batsindira Imiliyoni 10 mu gukubita aba Jongles ku gapira.

Mu gihe Diamond Platnumz yariko aramenyekanisha Wasafi Bet hagati mu gihugu, abaserukizi 2(Ambassadors) ba Wasafi Bet bahiganywe ngo batsindire ayo mafaranga.

Abo nabo s’abandi ni Mwijaku asanzwe aterekwa Diamond hamwe na Baba Levo aba mu kwaha kw’uwo muririmvyi ariko Kandi akaba n’umumenyeshamakuru wa Wasafi Fm.

Muri abo 2 impari zabanje kuba ariko uwatsindiye ayo Mafaranga aguze imodoka yabaye Baba Levo inyuma y’ukugerageza ubwa kabiri.

Nasibu akaba yerekanye ayo mafaranga yari mu gasakoshi yari yagendanye, Aho yayerekanye ngo abantu ntibibaze ko Ari ugufyina.

Mwomenya ko iyo Wasafi Bet, Atari iya Diamond, ahubwo afisemwo imitahe gusa, kuko abafise umutahe munini Ari imwe mu mashirahamwe akomeye akora ivya Beting nyene muri Kenya nkuko amakuru ava mu Tanzania yabishikirije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769