BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Chany Queen ngo ukuririmba ntiyigeze yiyumvamwo ko ari indoto yiwe

Gitare Chanelle benshi muzi nka Chany Queen ngo ukuririmba ntiyigeze abibona nk’indoto yiwe, nkuko abatari bake bahora babivuga, ahubwo we yibona nk’umutamvyi.

Mu kiyago aheruka kugirana ba bagenzi bacu, uwo muririmvyikazi yavuze ko umuziki yawisanzemwo, noneho bimubera nk’ikiyayuramutwe.

Naho iryo Zina rya Chany Queen ngo ryashitse kure gose, kubera Indirimbo aririmba n’ijwi ryiwe, Channy ngo yashatse kuva kera kubiheba, ariko biranka.

Chany Queen avuga ko atovuga ko yakunze umuziki, ahubwo ngo umuziki niwo wamukunze kuko yisanze ariyo Destiny yiwe.

Chany muri ico kiyago na Juste Gael, yagarutse ku mwana wiwe nawe yari yatanguye kuririmba, aho avuga ko yipfuza ko umwana wiwe yobanza agaheza amashure, noneho akabona kuja kuririmba.

Gitare ngo naho yaramaze imisi umengo Ari mu gacerere, abakunzi biwe ngo bamwitege, kuko aba ariko araba ko azana ibintu vyiza cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775