BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Alvin Smith yasubiye gukorana ama Video n’umutambukanyi wiwe

Mu gihe yaramaze igihe adashira ahabona Vlog n’imwe canke video ya Comedy, umuririmvyi Alvin Smith yasubiriye Kandi kuboneka muma Vlog.

Kuva aho umutambukanyi wiwe ashikiye hano, aje mu karuhuko n’ukuraba umuryango, Alvin yasubiriye Kandi gushira ahabona ama Video atandukanye n’ibijanye n’umuziki.

Hakaba hamaze gukorwa Vlog bagiye ku mazi kuryoherwa, ariko Kandi banakoze iyo ariko aramusiga umukunzi wiwe.

Alvin n’umutambukanyi wiwe bakaba bakoze ama Video atandukanye arimwo na Film zitandukanye bakinanye uwo mukunzi wiwe igihe yari ino mu mwaka uheze.

Mukamenya ko Umutambukanyi wa Alvin Smith aba ku mugabane wa Amerika ya ruguru, neza neza muri Canada, Aho Alvin yarahiye ko atazohonyoza ikirenge ngo Umukunzi wiwe niwe azogaruka kugira babane hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775