BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Icabujije abagwizatunga gushira amahera mu Muziki cavuzwe na Kidum

Ibura ry’abagwizatunga mu Muziki w’Uburundi, ni kimwe mu bibazo abakurikiranira hafi umuziki wa hano iwacu babona ko Arico kizingamitse umuziki, kuko ngo ku ruhande rw’abaririmvyi ibitari bike bimaze gukorwa, ariko Kidum we siko abibona.

Mu kiganiro yatanze aho yashika I Bujumbura aje mu giteramo c’uguhimbaza umusi w’ukwikukira kw’igihugu cacu, uwo muririmvyi yagarutse kuri ico kibazo.

Kubwa Kidum ngo ibura ry’abo bagwizatunga, ngo riva ku ruhande rw’abaririmvyi ubwabo. Ivyo akabisigura avuga ko akajagari Kari mu Muziki koba ariko kateye ubwoba abo bagwizatunga.

” … Abagwizatunga baravuga bati mu miziki hariyo akajagari, je ndibaza ko ja Interbank batinye akajagari Kari mu miziki, imigumuko, bimwe bita ama bifu…” 

Kidum akaba abona ko ubucuti bw’abamenyeshamakuru n’abaririmvyi bugarutse, bagakorera hamwe, bakagera Aho bahamagara ama Miliyoni y’abantu ngo ntacobuza abagwizatunga gushira amafaranga muri ivyo bikorwa vy’abaririmvyi.

” Ndabarahiye, babonye yuko dusigaye dukwega ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu, kuberako vyakozwe n’ubwumvikane hagati y’abaririmba n’abakora kwi radio, habe ukwubahana, ibintu ntibizosubira kuba kwakundi…” 

Ukwo kwumvikana hagati y’abaririmba n’abamenyeshamakuru akaba buri gihe uko aronse akaryo, atareka kubishikiriza, ko ariyo nzira yonyene ishobora gutuma umuziki wa hano iwacu ushika kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775