homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Alain Olivier Niyungeko : dutegerezwa gukina n’inguvu nyinshi kugira dutsinde Gabon

Umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko afise icizere co gutsinda Gabon ariko akoresheje inguvu nyinshi.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante umwaka wa 2019 , ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB igihe c’isaha zitatu zo mugatondo 9h00 , aho umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yatanga ikiganiro u bamenyeshamakuru kuvyereyeke urukino rugiye kubahuza na Gabon ku musi w’ejo igenekerezo rya 23 Ntwarante .

Olivier yabanje kwemeza y’uko ingabo ziwe zose zikwiye kandi zimeze neza baratanguye imyimenyereza kuva kuwa mbere naho hari bamwe bagira ubwoba y’uko bohava bagira isanganya y’indege bivanye n’uko mu misi iheze hari habaye isanganya ry’indege ryahitanye abantu barenga 152.

Olivier yasubiye kandi abwira abarundi bemere y’uko abakinyi babo bashoboye kuko aho bageze gushika ubu ari ahantu hakomeye ni ukubafata mu mugongo mbere kuri we ingene abonye abakinyi biwe nta bwoba burimwo naho Gabon nayo nyene itoroshe .

Mwomenya ko mu gihe intamba mu rugamba zoramuka zitsinze urwo o canke zikanganya zizoba zandikishije itike yo gukina inkino za AFCON 2019 zizobera Egiputa mu Misiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871