homepagekirundikirundi_SportspromotedTabacYvan muziki

Eliminatoires CAN2019: Intamba zaraye zironse uburengenzira bwo kwitabira inkino za CAN

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba waraye uteye iteka igihugu c’Uburundi mu kuronka itike yo kwitabira inkino za CAN kuva bubayeho.

Kuri uyu wa gatandu igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wari wakiriye umugwi wa les panthères yo muri Gabon mu rukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 kigiye kubera mu misiri, urwo rukino rukaba rwaragiye banganije igitsindo 1 kuri 1.

Intamba mu rugamba niyo yatanguye gutsinda igitsindo ku munota wa 74 biciye ku musatirizi wayo Cédric Amissi, munyuma kiza kugomborwa ku munota wa 82 .

Ukunganya kw’umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba kwatumye Intamba mu rugamba zironka uburenzanira bwo kuzokwitabira inkino za CAN 2019 zigiye kubera mu Misiri mu kwezi kwa gatandatu .

Rikaba ari ribaye irya mbere Uburundi bwitabira izo nkino kuva aho hatanguriye ivy’umupira w’amaguru mu Burundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871