EntertainmentAkes Donhomepagekirundi

Bernice the Bell yaraye atahukanye Isaganiro Award igira indwi

Bernice the Bell yaraye akubise hasi abandi baririmvyi bakomeye nka Big Fizzo, Sat-B, Natacha, Masterland, B-Face, Arnovic, Vichou P6&love, Jay Fire baribashoboye nabo gushika mu gice ca nyuma c’iryo higanwa.

Mw’ihiganwa Isanganiro Award ryo ku ncuro igira indwi risazwe ritegurwa na radio Isanganiro ryaraye ritahukanye umuririmvyikazi Bernice the Bell asazwe avuka mu ntara ya Karusi ku majwi agana na 52,8% biciye kundirimbo yaririvye yitwa Iwacu. Abenshi bakaba bagiye bagaruka ku mpano asazwe afise zo kuririmba kwarinazo zashoboye kumufasha gutsindira iryo higanwa avuye mu baririmvyi basazwe bafise amazina akuzwe cane aha iwacu ariko abiciye mu ndirimbo Iwacu ashobora kubatsinda bose.

Mwomenya ko Bernice The Bell asazwe akiri umuririmvyikazi akiri mushasha aho binagaragara ko asazwe anamaze gusohora indirimbo nke, Isanganiro Award rikaba naryo riba uko umwaka utashe aho ubu rishitse ku ncuro igira indwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754