homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Intamba zishobora kuja kwimenyerereza i Buraya

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ushobora kuja kwimenyereza muri kimwe mu bihugu vy’i Buraya.

Inyuma y’ugutsinda Gabon mu rukino rwo kurondera itike yo gukina inkino zanyuma za CAN 2019 zigiye kubera muri Misiri , intamba mu rugamba imyimenyerezo yo kwitegurira CAN2019 ngo bashobora kuyikorera mu gihugu ca Turukiya.

Ivyo bikaba vyemezwa na bamwe mu barongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB n’aho bitaraja ahabona.

Bikavugwa y’uko muri arya mahera ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF yama itanga kuri buri mugwi kugira witegurire neza izo nkino za CAN Uburundi ayo mahera buzoyakoresha mu kuja kwimenyereza muri ico gihugu ca Turukiya.

Mukamenya y’uko ari ubwa mbere umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ugiye kwitabira izo nkino za CAN kuvaho Uburundi bwikukiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884