BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj IRA yahakanye ubutumwa bwamwitiriwe

Amakuru agize imisi ariko aracanacanako ni amakuru y’ubugwayi bwa Yvan Buravan umwe mu baririmvyi b’abanyarwanda. Mu gihe ubutumwa butandukanye bubandanya buva hirya no hino bwo kumwihanganije, hari abavyikika inyuma bakiyitirira abandi. Irakoze Divine benshi muzi nka Dj IRA yahakanye ibiheruka kwandikwa ku rubuga rwa Facebook rumwitirirwa.

Akoresheje urubuga rwa Instagram ruri mu za mbere zikoreshwa n’abarundi zikurikiranwa cane yagize ati:” I’m Very Sorry uyu muntu si jewe ntawenzi 🙏🏾 (Fake account).”

Uyu muntu akoresha urwo rubuga rwa Facebook akaba buri gihe ashira kuri urwo rubuga amashusho ya Dj IRA, akaba amaze gukurikirwa n’abantu batari bake. Dj IRA akaba muvyo aheruka gushikiriza ari uko ata Account ya Instagram asanzwe akoresha.

Mwokwibuka ko Dj IRA ari umwe mu ba Dj b’abarundi bakunzwe cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775