homepagekirundimusic

Dj IRA ashobora gutahukana DJ’s Battles competition I Kigali

Mu misi iheze twari twabashikirije amakuru ko umwigeme w’umunyagitega asanzwe arangurira imirimo yiwe i Kigali mu Rwanda, ariwe azokwakira umuririmvyi Kizz Daniel mu giteramo azokorera i Kigali, kandi ko asanzwe anakorana n’ibihangange n’abanyacubahiro batemberera ico gihugu kibanyi, none uwo mwigeme ubu naho aza mu bibanza n’ubundi vya mbere mu bariko barifata neza mu mahiganwa – DJ’s Battles competition- muri ico gihugu.

Iradukunda Grace Divine benshi muzi nka Dj IRA, ubu abarizwa mw’ihiganwa ry’aba Dj muri ico gihugu, uwo akaba uno musi mu gisata c’abigeme ari mu kibanza ciza cane.

Nk’uku amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko kandi n’urubuga rwa Instagram rw’abariko bategura ayo mahiganwa, Dj IRA mu muce w’abakobwa aza mu kibanza ca 1 mu bari bafise amanota menshi, kuko mu gihe ufatiye hamwe bose abariko baritoza ( Abahungu n’abakobwa) uwa mbere yarafise amanota 977, Dj IRA we yaza mu kibanza ca 3 n’amanota 601(abo 2 ba mbere bise ni abahungu).

Ku makuru twabonye n’uko Dj IRA vyatanguye mu muce wabo arikumwe mw’ihiganwa n’abigeme bandi 2, none ubu basigaye ari 2, aribo we n’uwitwa Dj Roxy, mu gihe mu bagabo bakiri 10.

Ubu bakaba bageze mu muce wa 2 ushira uwa nyuma.

Dj IRA nk’uko duhora tubibabwira akaba ari umwe mu bigeme bakunzwe cane muri uwo mwuga wo kuvanga umuziki i Kigali mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757