abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Birangiye Urwanda rudutwaye Ndizeye Samuel

 

 

 

Umukinyi w’inyuma afise umuvyeyi umwe w’umurundikazi n’uwundi w’umunya Rwanda Ndizeye Samuel,  yahamagawe ubwa mbere mu mugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi ugiye kwitegurira inkino zibiri zo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za  CHAN zizoyihuza  na Ethiopia .

Samuel Ndizeye w’imyaka 24 y’amavuko yarigeze kuronka akaryo ko gukinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20.

 

akaba ari mu bakinyi b’inyuma beza cane bakina mu gihugu c’Urwanda , ivyanatumye umugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi uhitamwo kumuhamagara kugira aze awukinire.

Ndizeye Samuel ku rutonde rw’abakinyi bahamagawe muri Amavubi
Ndizeye Samuel igihe yari yahamagawe mu Ntamba mu rugamba

 

Samuel akaba ari umwe mu bakinyi b’abarundi batangura mu kibuga mu mugwi Rayon Sports wo mu gihugu c’Urwanda, ariko nta musi n’umwe bigeze bamuhamagara  mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba  w’abakuze ( Seniors) .

Mwomenyako mu Burundi , yakiniye imigwi ya Les Guepiers du Lac , Athletico Olympic , Bujumbura City hamwe na Vital’o Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 895