BurundiComedieshomepageintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Umukuru w’igihugu yatekereye intamba mu rugamba amajambo y’inkoramutima

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaranezerejwe n’itsinzi y’intamba mu rugamba.

Inyuma y’aho umugwi w’intamba mu rugamba wari uhejeje kunganya na Gabon igitsindo 1-1 mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma za CAN2019 zizobera mu Misiri mu gihugu ca Egypte, umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yashikirije intamba mu rugamba amajambo akomeye kandi y’inkoramutima.

Abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Twitter, umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yagize ati : “Turakeje kandi turashimiye intamba mu rugamba kw’iteka ry’akataraboneka bateye Uburundi mu kubushikana ubwa mbere mu nkino za nyuma z’imigwi nserukiragihugu vya Africa. Turashimiye Imana kandi ntituzohengeshanya gushigikira inkino zo kwinonora imitsi”

Mwomenya ko hambavu y’Uburundi, ibindi bihugu vgo mu karere bizokwitabira izo nkino za CAN, harimwo Ubuganda, Kenya hamwe na Tanzaniya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891