BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abaririmvyi bamwe bamwe ukutubaha ngo nivyo bibabujije iterambere

Kimwe mu bibazo bihari mu Muziki w’uno musi hano iwacu, ngo ni ibura ry’ukwubahana n’ukutibuka iyo umuntu aba yaravuye. Ivyo bikaba bishikirizwa na Emery Sun ubwiwe.

Uwo muririmvyi akaba avuga ko abaririmvyi iyo bamaze gutera intambwe bibagira uwabafashije gutera intambwe ya mbere, aho akaba avuga abamenyeshamakuru baba barabahaye ibiganiro canke babanditseko ku mbuga nka Facebook, kuko ngo abo bagize ico baterera gikomeye mu Muziki wabo.

Emery Sun akaba avuga ko iryo ariryo banga akoresha, kuko we atigera areka kuramutsa, ngo yime ikiganiro uwo baba bakoranye kuva kera.

Yagize Ati : ” Ikintu ca mbere n’uko witwara mu bantu. Abaririmvyi benshi iyo bagize success n’indirimbo 1, 2, baca bagaya n’umwe yabahaye Interview agitangura, kandi nibaza yuko kugira utere imbere, urya wa mbere wirukiye kugira aguhe interview, ari mu bantu badugije n’ama Views yawe.”

Yongerako ngo : ” Hariho n’urya aja kuri Facebook akakwandikako ibintu, urya arafise ibintu vyinshi ariko aragufasha, ariko ugasanga uno musi aranakuramukije ntunamwishure.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775